Uko wahagera

Haba Hakenewe Urunani Rurwanya Iterabwoba muri Sahel?


Abasirikare mu karere ka Sahel
Abasirikare mu karere ka Sahel

Umushikiranganji wa Burkina Faso ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Alpha Barry, yasavye amakungu kwiyumvira gushinga urunani mpuzamakungu rwo kurwanya iterabwoba, nk’urwashinzwe muri Iraki na Afuganistani, kugira bashobore kurwanya neza iterabwoba mu ntara ya Afrika mu karere ka Sahel.

Iyo ntara ya Afrika isanzwe ifise urunani rw’abasirikare baserukira ibihugu bitanu G5 Sahel, rugizwe na Burkina Faso, Cadi, Mali, Mauritaniya na Nijeri. Abo basirikare bariko bararwanya imirwi y’intagondwa hamwe n’imihari yitwaje ibirwanisho. Ariko mu myaka ibiri iheze uwo murwi ushinzwe, wagize ibibazo birimwo n’uguterwa amabombe mu miduga ku cicaro cawo.

Umushikiranganji Alpha Barry yabwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano ko ibikorwa vy’iterabwoba hamwe n’ubwicanyi hagati y’amoko bikwiye ko amakungu yofasha mu buryo budasanzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG