Uko wahagera

Umunyamakuru Hassan Ruvakuki Yararusimvye i Bujumbura


Umunyamakuru Hassan Ruvakuki
Umunyamakuru Hassan Ruvakuki

Mu Burundi, Hassan Ruvakuki yahoze ari umumenyeshamakuru wa Radiyo Bonesha FM, yararusimvye ku bagerageje kumugandagura.

Abantu bitwaje ibirwanisho bamuteye imuhira iwe ku mugoroba wo ku musi wa kabiri ku muhingamo muri karitiye Kajaga, komine Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura, mu burengero bw’igihugu c’Uburundi.

Ku bw’incuti ziwe, Ruvakuki yaguye mu mutego w’abantu bitwaje imipanga mu gihe yari atashe iwe hafi y’isaha imwe yo mw’ijoro.

Incuti ziwe zivuga ko yari avuye mu modoka ashitse iwe igihe umurwi w’abantu bitwaje imipanga bamutera. Bamukomerekeje mu mutwe, ku musaya no ku kuboko. Izo ncuti ziwe zivuga ko ari umutego wari wateguwe neza, kandi ko abamuteye bayanyeze bibaza ko yapfuye. Bamutwaye telephone yiwe ngendanwa.

Hassan Ruvakuki yaciye ajanwa muri iryo joro mu bitaro vyo hafi yaho kugira avurwe. Amasanamu yahererekanijwe ku mbuga ngurukanabumenyi mu Burundi yerekana Ruvakuki afise intege nke, afise pansuma mu mutwe, ku kuboka kw’i bubamfu no ku musaya. Ruvakuki yarekuwe mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’i 2013 inyuma yuko apfunzwe kuva mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka w’i 2011.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG