Uko wahagera

USA: Reta ya Alabama Yabujije Gukorora Imbanyi


Buramatari wa Reta ya Alabama Kay Ivey asinya itegeko rihagarika gukorora imbanyi, Itariki 15/05/2019.
Buramatari wa Reta ya Alabama Kay Ivey asinya itegeko rihagarika gukorora imbanyi, Itariki 15/05/2019.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Buramatari wa reta ya Alabama Kay Ivey, umurepublikani, ejo kuwa gatatu yarateye umukono kw’itegeko ryaciye ritangura kuja mu ngiro rihagarika gukorora imbanyi ku bakenyezi n’abigeme mur’iyo reta.

Abashingamateka b’iyo reta yo mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Amerika bemeje iyo nteguro y’itegeko ku musi wa kabiri, ivyavyuye intambara ya poritike ku ngingo itumvikanwako no ku rugero rw’igihugu cose.

Ishirahamwe ryo muri Amerika riharanira gutandukanya imvyaro ryashikirije ejo kuwa gatatu ko rigiye gutangura urugamba mu butungane, ku burenganzira bw’urunganwe rwo muri kazoza.

Abacamanza ba sentare nkuru y’Amerika, reta za Kentucky, Mississippi, Ohio na Géorgie ziza zaramaze kubuza gukorora imbanyi mu gihe umutima w’umwana umaze gutangura gutera, inda imaze gushikana indwi ya zitandatu.

Amatohozwa yakozwe mu mwaka uheze yasanze 58 kw’ijana vy’abanyagihugu babajijwe bavuga ko gukorora inda vyorekurirwa n’amategeko, abandi 37 kw’ijana bavuga ko bikwiye guhanwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG