Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump ategekanya gutangaza kuri uyu wa kane integuro y’itegeko ryari rindiriwe igihe kirekire ku bimukira, umugambi mu gihe wokwemerwa wohagarika abinjira mu gihugu biheka ku miryango.
Uwo mugambi wa Trump uzogumiza ku gitigiri c’umuliyoni abimukira bazokwinjira biciye kuri Green Card, ariko hemererwe abafise ubumenyi mu mashure hamwe n’abazoba bafise imitahe yo gukorera muri Amerika.
Uwo mugambi kandi uzohagarika abinjira biciye muri Tombola yitwa Green Card, Ariyo Lottery Visa, aho buri mwaka Amerika yakira abantu 50,000 bava mu bihugu bitandukanye bisanzwe bidafise abimukira benshi muri Amerika.
Ariko uwo mugambi mushasha ku bimukira ushobora kutemerwa n’abo mu mugambwe w’aba Demokrate, mu gihe ataco uvuga ku bimukira b’abana bazanwe muri Amerika mu buryo butemewe n’amategeko, mu mugambi wiswe DACA aba demokrate bama basavye ko abo bantu bahabwa ubwenegihugu.
Facebook Forum