Uko wahagera

Sudani Bumvikanye ku Myaka 3 y'Imfatakibanza


Rashid al-Sayed (Ibubamfu) na Amjad Farid (Iburyo), bavugira imirwi iri mu myiyerekano, mu kiganiro n'abanyamakuru i Khartoum, itariki 27/04/2019.
Rashid al-Sayed (Ibubamfu) na Amjad Farid (Iburyo), bavugira imirwi iri mu myiyerekano, mu kiganiro n'abanyamakuru i Khartoum, itariki 27/04/2019.

Abasirikare bari ku butegetsi hamwe n’abakuru b’abari mu myiyerekano muri Sudani barumvikanye ku kiringo c’imyaka itatu ca reta mfatakibanza izogana ku guha ubutegetsi bwose abasivile, ivyo vyatangajwe n’umwe mu ba Jenerali bari mu kanama karongoye igihugu.

Liyetena Jenerali Yasser al-Atta, yavuze ko amasezerano ya nyuma ku gusangira ubutegetsi azosinywa mu masaha 24 n’umuhari Alliance pour la liberté et le changement watanguje imyiyerekano.

Yashikirije ko muri iyo myaka itatu y’imfatakibanza, amezi atandatu ya mbere azorangwa no gusinya amasezerano y’amahoro n’abarwanya reta mu bice vy’igihugu birimwo intambara.

Jenerali Atta yashikirije kandi ko mu kiringo ca reta mfatakibanza, inama nshingamateka izoba igizwe n’abashika 300, umuhari Alliance pour la liberté et le changement uzohabwa ibice 67 %, abandi basigaye bazova mu migambwe ya poritike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG