Uko wahagera

Batanu Barishwe Barashwe n'Abataramenyekana i Khartoum


Abakora imyiyerekano muri Sudani baturira amapine mw'ibarabara i Khartoum, itariki 13/05/2019.
Abakora imyiyerekano muri Sudani baturira amapine mw'ibarabara i Khartoum, itariki 13/05/2019.

Abantu batanu bari mu myiyerekano muri Sudani hamwe n’umusirikare w’ipete rya Majoro barishwe barashwe ejo kuwa mbere ku murwa mukuru Khartoum.

Ivyo vyabaye nyuma y’amasaha make abakuru b’abakora imyiyerekano muri Sudani bavuze ko bashitse ku mvumvikano hamwe n’abasirikare bafashe ubutegetsi ku nzego n’abategetsi bazoba bararongoye igihugu mu kiringo c’imfatakibanza.

Ibi vyabaye kandi umushikirizamanza mukuru wa Sudani avuze ko Omar al-Bashir aheruka gukurwa ku butegetsi yagirwa n’ivyaha vyo kwica abari mu myiyerekano yiyamiriza ubutegetsi bwiwe yakuweko mu kwezi guheze.

Akanama ka gisirikare kari ku butegetsi kashikirije ku mugoroba w’ejo kuwa mbere ko hari abantu bitwaje inkoho biyoberanije mu bari mu myiyerekano.

Abaserukira abasaba ko ubutegetsi bwohabwa abasivile bavuga ko ubwo bwicanyi bwakozwe kugira bice intege abari mu biganiro n’abasirikare barongoye igihugu kandi bavuga abo basheshe amaraso ari abitwaje ibirwanisho bashigikiye intwaro ihitiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG