Abategetsi bo hejuru mu muryango w’ubumwe bwa Bulaya bariko basaba Reta zunze ubumwe z’Amerika kwirinda intambara ya gisirikare n’igihugu ca Irani.
Federica Mogherini, ajejwe imigenderanire muri uwo muryango, umunyamabanga mukuru w’inteko zishinze kurwaniriza umwansi hamwe NATO, Jens Stoltenberg hamwe n’abashikiranganji b’imigenderanire b’Ubwongereza, Ubufaransa n’Ubudagi baravuganye n’umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigenderanire Mike Pompeo i Buruseli inyuma y’aho ahagarikiye urugendo yari kugira i Moscow.
Pompeo kandi aho yari mu Bubirigi yaravuze ku bitero vyakozwe ku musi w’Imana ku bwato bw’ibitoro ku nkengera za Emirat zunze ubumwe z’Abarabu, ariko yirinze kuvuga ko Irani ari yo yabikoze.
Ibihugu vy’Ubwongereza, Ubufaransa hamwe n’Ubudagi vyarongeye kuvuga ejo kuwa mbere ko bishigikiye amasezerano mpuzamakungu yumvikanyweko agamije guhagarika ibirwanisho vya Nikleyeli vya Irani.
Perezida wa Irani Hassan Rouhani yaragabishije mu ndwi iheze ko igihugu ciwe gishobora gusubira guhingura ubumara bwa Uranium mu gihe ibihugu bikomeye vya Buraya, Ubushinwa hamwe n’Uburusiya bitofasha kugira Irani ikurweko ibihano yafatiwe n’Amerika.
Uburayi Ntibushigikiye Intambara ya Gisirikare na Irani

Facebook Forum