Uko wahagera

Filipine mu Matora Yitezwemwo Gutsimbataza Ubutegetsi bwa Duterte


Perezida wa Philippine Rodrigo Duterte mu bihe vyo kwiyamamaza i Manila kuwa 11 ukwezi kwa gatanu, 2019, imbere y'amatora.
Perezida wa Philippine Rodrigo Duterte mu bihe vyo kwiyamamaza i Manila kuwa 11 ukwezi kwa gatanu, 2019, imbere y'amatora.

Abanyefilipine kuri uyu wa mbere bitabiriye amatora vyitezwe ko azotsimbataza ubutegetsi bwa perezida Rodrigo Duterte, aho agiye kwugururirwa inzira yo gukomeza igihano co gupfa no guhindura ibwirizwa shingiro.

Ibibanza birenga 18,000 nivyo bihiganirwa mur’ayo matora, birimwo ica kabiri c’intebe mu nama nkenguzamateka, yamye ari intambamyi kuri zimwe muri politike za Duterte zamye zitera amahane mu gihugu.

Duterte azwi mu makungu nk’umutegetsi akoresha imvugo z’agashavu, ariko aracafise abamushima mu gihugu cane cane abashangashijwe n’ukuntu igihugu cari kirongowe muri kahise hamwe n’abategetsi bananiwe gusubiza ibintu mu buryo.

Yipfuza kugarukana igihano co gupfa kubakora urudandazwa rw’ibiyayura mutwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG