Uko wahagera

Abayoboke Katolika 6 Barishwe mw'Isengero muri Burkina Faso


Abaporisi b'inseruka rukamvye bahangana n'iterabwoba i Ouagadougou, muri Burkina Faso, Ukwezi kwa kabiri, 27, 2019.
Abaporisi b'inseruka rukamvye bahangana n'iterabwoba i Ouagadougou, muri Burkina Faso, Ukwezi kwa kabiri, 27, 2019.

Abantu bitwaje inkoho barishe abantu batandatu bari mu misa mu rusengero Katolika mu gisagara ca Dablo mu buraruko bwa Burkina Faso ejo kuw’Imana mu gitondo, nkuko vyashikirijwe n’abategetsi hamwe n’ababibonye.

Umupadiri hamwe n’abandi banyeshengero batanu nibo bishwe, nkuko uwabibonye yavyiganiye Ijwi ry’Amerika.

Uwo yabishe yaraturiye ibice bimwe vy’urwo rusengero hamwe n’amaduka ari hafi, imbere yo guhunga. Abandi batari bake bavugwa ko bakomeretse.

Mu ndwi iheze kandi, umuntu yitwaje inkoho yarishe abantu batatu mw’isengero ry’abaporotestanti mu gasagara gato ka Silgadji aho nyene muri Burkina Faso.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG