Uko wahagera

Abanyagihugu ba Libiya Basaba ko Intambara Zihagarara


Abanyagihugu mu masengesho yo gupfuza ababo bishwe n'ibitero vy'indege muri Libiya, Ukwezi kwa kane, itariki 24, 2019, i Tripoli, muri Libiya.

Umushikiranganji wa mbere wa Libiya, Fayez al-Sarraj yavuze ko uwo bahanganye ku rugamba barwanira ubutegetsi, Jenerali Khalifa Haftar, ariko agerageza coup d’Etat no gufata Libiya ku nguvu za gisirikare.

Ivyo al-Sarraj yabivugiye kuri televiziyo France 24 i Paris ku murwa mukuru w’Ubufaransa ejo kuwa gatatu.

Jenerali Khalifa Haftar arongoye reta ikorera mu buseruko bwa Libiya. Igisirikare ciwe caragavye ibitero bikomeye kuri reta yemewe n’amakungu mu kwezi guheze, ariko yasubijwe inyuma, ntiyabasha gufata umurwa mukuru.

Bamwe mu banyagihugu ba Libiya bagotewe mur’izo ntambara bavuga ko badakeneye kumenya uwatsinze ariko bakeneye ko intambara zihagarara.

Abategetsi ba ONU bavuga ko abantu 440 bamaze kuhasiga ubuzima, abandi barenga ibihumbi cumi barata ingo zabo. Benshi muri bo bahungiye mu busho bwahora bufungiwemwo abimukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG