Michael Cohen, yahoze ari umushingwamanza wa Perezida Donald Trump kandi amufasha n’ibindi, kuri uyu wa mbere niho yatanguye igifungo c’imyaka itatu ku vyaha vyo gufasha guha abagore babiri igipfukamunwa ntibavuga ivyo bakoranye na perezida imbere yuko afata ubutegetsi.
Uwo mugabo w’imyaka 52 yarahagarikiwe uburenganzira bwo kuba umushingwamanza, wenyene ubwiwe yishikanye mw’ibohero ryo mu gisagara ca Otisville, muri reta ya New York, yari amaze imyaka irenga cumi akorera Trump.
Igihe yariko ava mu gisagara New York City, Cohen yavuze ko igihe azorangiriza umunyororo, igihugu kizoba gifise abategesi batarangwa n’urwanko, akarenganyo hamwe n’ububeshi.
Abahinga bakurikirana poritike y’i Washington bakeka ko Trump yari kumuha ikigongwe c’umukuru w’igihugu. Ariko igihe yariko aja mw’ibohero Trump amenyerewe kwandika cane ku rubuga rwa Twitter, nta n’ijambo na rimwe yangitse kuri uyu yigeze kumufasha.
Facebook Forum