Uko wahagera

USA: "Nicolas Maduro Asigaje Igihe Gito ku Butegetsi"


Mike Pompeo, umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z'Amerika ajejwe imigenderanire n'amakungu.
Mike Pompeo, umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z'Amerika ajejwe imigenderanire n'amakungu.

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo yashikirije ejo kuw’Imana ko perezida wa Venezuela Nicolas Maduro ata gihe kinini asigaje ku butegetsi naho utwigoro twa Juan Guaido two kumukura ku butegetsi mu ndwi iheze ataco twavuyemwo.

Pompeo yabwiye televiziyo ABC News y’aha muri Amerika ko Maduro ata bajejwe umutekano bari ku ruhande rwiwe, ko imisi yo kumara ku butegetsi iharuye ariko ntiyavuze igihe izorangirira.

Guaido, yitangaje ko ari we mukuru w’igihugu, yahamagariye ibihumbi vy’abanywani biwe mu mabarabara yo ku murwa mukuru, Caracas, mu myiyerekano y’imisi ibiri mu ndwi iheze, yar’igamije kwiyamiriza reta ya Maduro ariko abakuru ba gisirikare ntibumviye akamo kiwe ko kwiyunga nawe ngo bakure Maduro ku butegetsi.

Abantu batanu mubari mur’iyo myiyerekano barishwe bariko batana mu mitwe n’igiporisi.

Umushikiranganji Pompeo yashikirije ko Amerika izobandanya ifasha kugira abanyagihugu muri Venezuela basubire kuronka demokarasi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG