Uko wahagera

Nicolas Maduro Aracari Prezida wa Venezuela


Prezida Nicola Maduro ari kumwe n'abasirikare be mu mihanda ya Caracas, umugwa mukuru
Prezida Nicola Maduro ari kumwe n'abasirikare be mu mihanda ya Caracas, umugwa mukuru

Nicholas Maduro aracari prezida w’igihugu ca Venezuela uno musi ku wa gatanu. Ni inyuma uko uwuyoboye abatavuga rumwe na Reta, Juan Guaido, ananiwe gutuma abasirikare baza ikivunga ku ruhande rwiwe.

Nta makuru yabonetse uno musi ku wa gatanu ku ruhagarara ku murwa mukuru, Caracas. Ivyo ni inyuma y’uruhagarara rumaze imisi itari mike ku murwa mukuru n’akamo katewe na Guaido ku musi wa kane kuko haba imyiyerakano mu gihugu cose.

Maduro yasavye inteko z’igihugu kurwanya uwo ari we wese ashaka kugira coup d’etat. Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo ku musi wa kane, ari kumwe n’intawazagabo z’igihugu, Prezida Maduro yasavye abasirikare kudacika intege mu rugamba rw’ukurwanya abahemu n’abashaka kugira coup d’etat abo ari bo bose.

Guaido, ayoboye inama nshingamateka, yatangaje mu kwezi kwa mbere ko ariwe prezida w’imfatakibanza wa Venezuela. Yaremewe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ibindi bihugu bigera kuri 50 nk’umutegetsi yemewe wa Venezuela. Yamara gushika ubu ntiyashoboye gukura ku butegetsi Prezida Nicholas Maduro.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pompeo, yatangaje ko Prezida Donald Trump yiteguriye gukoresha uburyo bwa gisirikare muri Venezuela hamwe vyoba ngombwa. Ntiyamenyesheje ku buryo butomoye icotuma Amerika irungika inteko zayo muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG