Uko wahagera

Prezida Maduro wa Venezuela Yasabye Ingabo Kurwanya Guaido


Prezida Nicolas Maduro agenda ari kumwe n'abayobozi bakuru b'ingabo mu murwa mukuru Caracas
Prezida Nicolas Maduro agenda ari kumwe n'abayobozi bakuru b'ingabo mu murwa mukuru Caracas

Prezida w’igihugu ca Venezuela, Nicholas Maduro, yateye akamo uno musi ku wa kane inteko z’igihugu kurwanya uwo ari we wese ariko yiyumvira kugira coup d’etat. Ni inyuma y’uko uwuyoboye abatavuga rumwe na reta Juan Guado ananiwe gutuma abayoboye igisirikare baja ku ruhande rwiwe.

Inyuma y’imisi 2 y’imyiyerekano y’abantu isinzi mu mabarabara y’ukwiyamiriza reta, Prezida Maduro yatangaje kuri televiziyo ko bari mu rugamba rw’ukurwanya umwansi. Ubwo yari kumwe n’abategetsi bakomeye b’igisirikare, yasibuye ko bategerezwa kuguma barikanuye muri urwo rugamba rw’ukurwanya uwuzohemuka canke uwuzokwiyumvira kugira coup d’etat.

Juan Guado, ashigikiwe n’igitigiri gitoyi c’ingabo ziyonkoye ku gisirikare ca reta, yateye akamo mu ntango z’ iyi ndwi kuko abanyagihugu bagumuka bakiyamiriza Prezida Maduro.

Abantu isinzi baragize imyiyerekano mu mabarabara yo ku murwa mukuru, Caracas, ku musi wa kabiri no ku musi wa gatatu. Barahanganye n’inteko zijejwe umutekano. Abantu 2 barahasize ubuzima muri ukwo guhangana, mu gihe abatari bake bakomeretse.

Juan Guaido yasavye ko haba imyiyerekano ikomeye mu gihugu cose uno musi ku wa kane. Yamara amabarabara yo ku murwa maukuru, Caracas, yari atekanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG