Uko wahagera

USA: Umushikiranganji w'Ubutungane Yanse Kwitaba Abashingamateka


Umushikiranganji w'Ubutungane w'Amerika William Barr ariko arabazwa n'umugwi wa Sena ujejwe ibibazo vy'ubutungane, i Washington, itariki 01/05/2019.

Umushikiranganji w'Amerika ajejwe ubutungane William Barr yararengutse imbere ya Kongre ejo kuwa gatatu kwisigura ku kuntu yavyifashemwo igihe yahabwa ivyavuye mu matohoza yakozwe n’umushingwamanza adasanzwe Robert Mueller ku ruhara Uburusiya bwakoze mu guhungabanya amatora yo muri 2016.

Barr avuga ko ingingo yafashe yo gutanga incamake y’iyo raporo arivyo yahisemwo kandi atari atumbereye gutangaza ibinyuranye n’ivyatohojwe na Mueller.

Abademokrate bagiriza umushikiranganji Barr kuba yaratesheje agaciro ivyatohojwe kuri perezida Donald Trump ko yoba yararemereye ubutungane mu gushaka kumukingira ikibaba.

Vyinshi mu bibazo yabajijwe vyari vyerekeye urwandiko Robert Mueller yandikiye uwo mushikiranganji mu kwezi kwa gatatu itariki 27, ruvuga ko icegeranyo catanzwe kidahuye n’ivyatohojwe.

Mu gihe umurwi w’abashingamateka bajejwe ibibazo vy’ubutungane wari waratumyeko uwo mushikiranganji William Barr kugira nabo bamubaze ibibazo kur’uyu wa kane, ubushikiranganji bw’ubutungane bwashikirije ko uwo mutegetsi ahava atabitaba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG