Uko wahagera

Pompeo: USA Yiteguye Gukoresha Inguvu za Gisirikare muri Venezuela


Imigumuko yiyamiriza ubutegetsi bwa Venezuela i Caracas, Itariki 01/05/2019.
Imigumuko yiyamiriza ubutegetsi bwa Venezuela i Caracas, Itariki 01/05/2019.

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z'Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo avuga ko Amerika yiteguye gukoresha inzira ya gisirikare kugira isubize mu buryo imigumuko iri muri Venezuela.

Pompeo yagize ati "inzira ya gisirikare irashoboka, nimba ariyo ikenewe, nico Reta zunze ubumwe z’Amerika zizokora.

Pompeo, ariko yongeye avuga ko Amerika ishira imbere ko ihererekanwa ry’ubutegetsi hagati ya perezida Nicolas Maduro na Juan Guaido yihaye ubutegetsi riba mu mahoro.

Uwo mushikiranganji avuga ko Amerika ishobora kurungika abasirikare muri Venezuela guhangana n’Uburusiya soma mbike na Maduro.

Uburusiya bwashikirije ko umushikiranganji wabwo ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov yagabishije Pompeo kuri telefone ko Amerika yobandanya isomborotsa Venezuela vyoshobora kugira ingaruka mbi cane.

Maduro hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya babeshuje amakuru yakwiragijwe na Amerika ko Maduro yagira ahunge ejo kuwa kabiri, bavuga ko ari uburyo Amerika yakoresheje kugira ice intege abasirikare ba Venezuela no gutegura gutembagaza ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG