Uko wahagera

Umutekano Wakomejwe kw'Isi ku Musi Mukuru w'Abakozi


Bahimbaza umusi mukuru w'abakozi i Barcelone, muri Espanye, 10/05/2018.
Bahimbaza umusi mukuru w'abakozi i Barcelone, muri Espanye, 10/05/2018.

Ibisagara bikomakomeye kw’isi vyongereje umutekano, mu kwongereza abaporisi hamwe n’indege za drone zigenzura amasinzi y’abantu yitezwe aho amakungu ahimbaza umusi mukuru w’abakozi kw’isi.

Umusi mpuzamakungu w’abakozi, uhimbazwa kw’igenekerezo rya mbere ry’ukwezi kwa gatanu buri mwaka. Ni umusi w’akaruhuko mu bihugu birenga 80 kw’isi.

Ubufaransa buri mu myiyerekano y’abiyise Gillet Jaune, butegekanya kwikora ku baporisi barenga 7,400 hamwe n’indege za drone ziharurwa mu macumi i Paris gucungera umutekano.

Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu, Christophe Castaner yavuze ko hashobora kuba abakora iterabwoba binyegeza mu biyamiriza b’aba Gillet Jaune mu mabarabara i Paris.

Ibindi bihugu bivuga ko bihava bikomeza umutekano ni Ubudagi, Indoneziya, Turukiya na Irani.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG