Uko wahagera

Amerika Iragabisha Cuba ku Bibera muri Venezuela


Abiyerekana bahangana n'imuduga ya gisirikare muri Venezuela, Kw'itariki 30/04/2019.
Abiyerekana bahangana n'imuduga ya gisirikare muri Venezuela, Kw'itariki 30/04/2019.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump aragabisha igihugu ca Cuba ko gishobora gufatirwa ibihano ruhasha mu gihe iyo reta y’abakomuniste itohagarika vuba bwango gutanga imfashanyo za gisirikare n’izindi ku gihugu ca Venezuela.

Ubwo butumwa ku rubuga rwa Twitter yabishikirije igihe ibiro vyiwe White vyariko bikurikiranira hafi imugumuko iriko ibera muri Venezuela mu cizero c’uko abasirikare bazogondozwa bagashigikira abanyagihugu bipfuza ko ubutegetsi buhabwa mu mahoro Juan Guaido agasubirira Nicolas Maduro ku butegetsi.

Inyuma y’iminota Trump ashikirije ubwo butumwa, umushikiranganji wiwe w’imigenderanire Mike Pompeo yavuze ko Maduro yaza yar’amaze kwitegura guhunga Venezuela mu gatondo ko kur’uyu wa kabiri yerekeza muri Cuba ariko ahanurwa n’Uburusiya kuguma mu gihugu.

Reta ya Trump yagiriza Cuba n’Uburusiya ko arivyo bihugu bigumije Maduro ku butegetsi. Maduro yasubiriye mu 2013 Hugo Chavez, yagiye ku butegetsi mu 1998 inyuma yo gutsinda amatora.

Haruhande ya Cuba n’Uburusiya, ibihugu nk’Ubushinwa na Turukiya bibandanya vyemeza ko Maduro ari we umukuru w’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG