Uko wahagera

Amerika Iragabisha Ibindi Bitero vy'Iterabwoba muri Sri Lanka


Abajejwe umutekano ba Sri Lanka inyuma y'ibitero vy'iterabwoba i Colombo. Itariki 21/04/2019
Abajejwe umutekano ba Sri Lanka inyuma y'ibitero vy'iterabwoba i Colombo. Itariki 21/04/2019

Ambasade ya Reta zunze ubumwe za Amerika i Colombo ku murwa mukuru wa Sri Lanka yagabishije abantu kwirinda kuja mu bibanza vyo gusengeramwo mu mpera z’iyi ndwi, inyuma y’amakuru yashikirijwe n’ibimenyeshamakuru mur’ico gihugu ku bindi bitero bishobora gukorwa.

Iryo gabisha rije haheze imisi hakozwe ibitero ku bakristu bariko bahimbaza Pasika ku musi w’Imana, igihe abiyahuzi bicisha amabombe abantu barenga 250. Abategetsi bari bavuze ko abapfuye barenga 350 ariko ibitigiri vyarasubiwemwo ejo kuwa kane, kuko ngo basanze hari ibiziga baharuye incuro zibiri.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Sri Lanka Hemasriri Fernando yaratanze imihoho kur’uyu wa kane, inyuma y’ivyo bitero, inyuma kandi yuko perezida wa Sri Lanka abimusabiye.

Ibimenyeshamakuru bivuga ko igendereza ry’Ubuhindi ryagabishije Sri Lanka ko ryatororokanije amakuru y’ibindi bitero bishobora kugabwa n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu, uza waremanze ko ariwo wagavye ivyo bitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG