Uko wahagera

Amnesty: 1600 Barishwe n'Urunani Rurongowe n'Amerika muri Siriya


Imyotsi y'ibitero vy'urunani rurongowe n'Amerika muri Raqqa, kw'itariki ya 28/07/2017.
Imyotsi y'ibitero vy'urunani rurongowe n'Amerika muri Raqqa, kw'itariki ya 28/07/2017.

Ibitero vy’urunani mpuzamakungu rurongowe na Reta zunze ubumwe za Amerika vyo kwirukana umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu mu gisagara ca Raqqa muri Siriya vyahitanye ubuzima bw’abasivile 1,600. Ivyo vyavuye mu matohoza yashizwe ahabona ejo kuwa kane yakozwe na Amnesty International hamwe n’irindi shirahamwe Airwars.

Ico cegeranyo kivuga ko ubwo bwicanyi bwakozwe n’ibitero vy’indege za Amerika, Ubwongereza hamwe n’Ubufaransa hamwe n’ibindi bitero vy’abasirikare barwanira ku butaka mu gisagara ca Raqqa hagati y’ukwezi kwa gatandatu n’ukw’icumi 2017.

Umuvugizi w’urwo runani yatanze igitigiri c’abapfuye muri Raqqa kiri hasi cane y’ico gishikirizwa n’ayo mashirahamwe. Col. Scott Rawlinson, avuga ko hapfuye abantu 318, ariko kandi ko hatangujwe amatohoza.

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wafashe Raqqa mu ntango za 2014 uhakurwa n’abarwanyi bashigikiwe na Amerika mu ntango z’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG