Uko wahagera

Abanyagihugu 37 Barishwe Baciwe Imitwe muri Arabiya Sawudite


Indongozi zo mu mugambwe w’abademokrate zashikirije umubabaro kandi zisaba ko hoba kandi gusubira kwiyumvira ku bucuti hagati ya Reta zunze ubumwe za Amerika na Arabiya Sawudite ejo kuwa gatatu inyuma y’ubwicanyi kivunga bwakozwe n’iyo reta.

Arabiya Sawudite ejo kuwa kabiri yaraciye imitwe abanyagihugu bayo 37, hafi nka bose bari mu nkehwa z’abayisilamu b’aba Shiite, umwe muri bo arabambwa inyuma yo kwicwa, kandi ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko muri bo harimwo abari batarakwiza imyaka yo gufungwa.

Senateri Bernie Sanders, ari mu bamaze gushikiriza ku bagomba kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu muri Amerika, yavuze ko ubwo bwicanyi bwerekana ko vyihutirwa ko Amerika isubira kwihweza imigenderanire n’intwaro y’ubwicanyi ya Arabiya Sawudite.

Ntaco Trump arabivugako, ariko yigeze gushikiriza ko yipfuza gutsimbataza imigenderanire n’ico gihugu, inyuma y’iyicwa rya Khashoggi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG