Uko wahagera

Sudani: Abasirikare Boba Barumvikanye n'Abari mu Myiyerekano


Abagira Imyiyerekano bakira bagenzi babo baje bava mu zindi ntara muri Sudani.
Abagira Imyiyerekano bakira bagenzi babo baje bava mu zindi ntara muri Sudani.

Batatu mu bagize akanama ka gisirikare kafashe ubutegetsi muri Sudani baratanze imihoho ejo kuwa gatatu mu gihe ako kanama nyene kavuze ko kashitse ku masezerano ku vyasabwe nka vyose n’abarongoye imyiyerekano basavye abanyagihugu bashika umuliyoni kwitaba mu rugendo rukomeye rwo kubandanya basaba ko reta ishikirizwa abasivile.

Abagize ako kanama ka gisirikare 10 baratumyeko indongozi z’abari mu myiyerekano mu mubonano inyuma y’ibiganiro vyari vyahagaze ku musi w’Imana.

Liyetena Jenerali Shamseddine Kabbashi avugira akanama k’abasirikare kari ku butegetsi yabwiye abamenyeshamakuru ko bumvikanye ku bitari bike, ariko ntiyasobanuye ku bijanye no gushikiriza ubutegetsi abasivile.

Inyuma y’ivyo ako kanama kashikirije, bashikirije ko batatu mu bakagize baciye batanga imihoho.

Abiyerekana bangana amajana baje bava mu gisagara ca Madani co hagati mu gihugu kwifatanya n’abandi ku musi wa gatatu, abantu bashasha baje bava hanze y’umurwa mukuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG