Uko wahagera

SAF: Imvura Yahitanye Abarenga 50 mu Ntara ya KwaZulu-Natal


Imvura y'inkangu yahitanye benshi yangize byinshi hafi y'umujyi wa Durban muri Afrika y'epfo
Imvura y'inkangu yahitanye benshi yangize byinshi hafi y'umujyi wa Durban muri Afrika y'epfo

Icegerenyo cashizwe ahabona n’abategetsi bo muri Afurika y’Epfo kuri uno wa gatatu kivuga ko imvura imaze iminsi irwa mu burere butandukanye bw’ico gihugu burimwo intara ya KwaZulu-Natal imaze guhitana abagera kuri 51, ibomora amazu atari make yongera yangaza abaharurwa mu bihumbi.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Afurika y’Epfo n’amakungu, Nomusa Dube-Ncube, ejo ku wa kabiri yari yatangaje ko ibitigiri bamaze kwegeranya vyemeza ko 33 ari bo bahitanywe n’iyo myuzurira.

Prezida wa Afrika y’Epfo, Cyril Ramaphosa, agendera uburere bwasinzikaye gusumba ubundi kuri uno wa gatatu yavuze ko impungenge ari nyishi kuko n'ubu hari ibice bikomeje kuvugwamwo imvura n’imiyaga. Ramaphosa yahumurije ariko ko Reta yiteguriye gutabara no gufasha abahuye n’ivyago.

Ubushikiranganji bujejwe kubahiriza ivy’akaranga n’amoko agize Afurika y’Epfo ku ruhande rwabwo bwagabishije ko ivyononekaye bishobora kwiyongera umwanya n’umwanya. Zweli Mkhize aramutswa ubwo bushikiranganji yagize ati:" Hari nk’amazu yibiye, ayabomaguritse n’abatari bake tutarashobora kumenya irengero ryabo. Turiko twiruka n’umwanya kugira turabe ko twobarokora.”

Abajejwe gucungera umutekano batari bake baja barungitswe mu burere bwasinzikaye gusumba kugira bafashe abajejwe gutabara. Igikorwa ababikurikiranira hafi basigura ko kidahava coroha kubera imvura ibandanya kuba nyinshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG