Uko wahagera

Imirwano Yahitanye Abasirikare ba Kongo Bane mu Ntara ya Ituri


Aha ni mu nkambi y'abakuwe mu byabo iri mu ntara ya Ituri muri Kongo
Aha ni mu nkambi y'abakuwe mu byabo iri mu ntara ya Ituri muri Kongo

Abasirikare bane ba Reta ya Republika iharanira demokrasi ya Kongo n’abarwanyi batandatu bishwe uno musi ku wa mbere mu gutana mu mitwe kwabereye mu ntara ya Ituri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu. Ayo makuru yatangajwe n’igisirikare ca Reta ya Kongo.

Umuvugizi w’igisirikare ca Kongo, Liyetena Jules Tshikudi, yatangarije itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, ko umurwi w’abarwanyi baganganye n’inteko za Reta. Abarwanyi batandatu bakaba bishwe, inkoho n’amasasi atari make birafatwa.

Ico gitero kivurwa ko cakozwe n’abarwanyi b’abalendu. Hari mu kwishura kukuba inteko za Reta ziri mu karere barimwo mu bibabuza gufatira ingingo abo badacana uwaka bo mu bwoko bw’abahema. Musitanteri w’akarere ka Djugu, Alfred Efoloko, avuga ko abanyagihugu bariko barahunga.

Ikirindiro c’inteko za Reta ahitwa Giro kiri ku bilometero 10 umuntu avuye ahitwa Largu mu karere ka Djugu habereye ubwicanyi mu mpera z’umwaka w’i 2017 no mu ntango z’umwaka w’i 2018.

Ubwo bwicanyi bwitiriwe ugutana mu mitwe gushasha hagati y’abarimyi b’abalendu n’aborozi n’abadandaza b’abahema.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG