Uko wahagera

Mali: Abasirikare 11 Barishwe mu Gitero c'Iterabwoba


Imiduga ya gisirikare mu bikorwa vya gisirikare i 'Hawbi' hagati muri Mali, ku rubibe na Burkina Faso na Niger, 01/11/2017.
Imiduga ya gisirikare mu bikorwa vya gisirikare i 'Hawbi' hagati muri Mali, ku rubibe na Burkina Faso na Niger, 01/11/2017.

Abakekwa kuba intagondwa z’abayisilamu barishe abasirikare 11 mu gitero ku musi w’Imana hagati muri Mali, nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko ikirindiro ca gisirikare ca Guire catewe mu masaha ya cumi n’imwe z’agatondo, kandi ko hari abatari bake bakomeretse n’ivyononekaye.

Abasirikare ba Mali hamwe n’abanyamahanga bama batewe n’abarwanyi b’intagondwa z’abayisilamu.

Abo barwanyi kandi barishe abasirikare 21 ba Mali mu kwezi guheze mu gitero kuyindi kambi i Dioura, hagati muri Mali.

Ku musi wa gatandatu, umusirikare wo mu nteko za ONU zibungabunga amahoro n’umutekano mur’ico gihugu yarishwe abandi bane barakomereka igihe igisasu caturitsa imiduga yabo yariko irengana mu ntara yo hagati.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG