Uko wahagera

Imigenderanire y'Amerika na Sudani Yoba Igiye Kunagurwa?


Umushikiranganji wo kwivuna abansi Awad Mohamed Ahmed Ibn Auf, n'umukuru w'ibiro vya gisirikare, Lt. Gen. Kamal Abdul Murof Al-mahi arahira mu mabanga yo kuja muri reta nshasha

Intumwa za Sudani zitezwe mu rugendo mu Reta zunze ubumwe z’Amerika mu biganiro bigamije gukura Sudani ku rutonde rwa Amerika rw’ibihugu bitanga imfashanyo ku bikorwa vy’iterabwoba.

Umusirikare aramutswa ubutegetsi muri Sudani, Jenerali Abdel Fattah al-Burhan, mu kiganiro ca mbere caciye kuri televiziyo y’igihugu kuva agifata ubutegetsi, yashikirije ko izo ntumwa zishobora kuja muri Amerika mur’iyi ndwi canke mu ndwi iza mur’ivyo biganiro.

Reta zunze ubumwe za Amerika zashize Sudani ku rutonde rw’abafasha iterabwoba mu 1993 aho yagiriza reta y’uwahoze arongoye ico gihugu Omar al-Bashir kuba yafasha iterabwoba.

Bashir yakuwe ku butegetsi mu ntango z’uku kwezi n’abasirikare inyuma y’imyaka yababa 30 yar’amaze ku butegetsi.

Mu mwaka wa 2017, Reta zunze ubumwe za Amerika zarakuyeho ibihano muvy’ubudandanji yari yafatiye ico gihugu vyari bimaze imyaka 20, ariko ikigumiza ku rutonde rw’ibihugu bifasha iterabwoba co kimwe na Irani, Siriya na Koreya ya ruguru.

Kuva Bashir akurwa ku butegetsi, abategetsi ba Amerika barashimye umutegetsi musha wa gisirikare inyuma y’aho arekuriye imbohe za poritike. Ku musi wa kane, abategetsi b’ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire n’amakungu batangaje ko bashobora kurungika intumwa i Khartoum gutera intege ubutegetsi kugira bwinjire mu ntwaro ya demokarasi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG