Uko wahagera

Igisagara ca Ngozi Kigiye Gukwiza Imyaka 100


Abatimbo bo mu Burundi
Abatimbo bo mu Burundi

Igisagara ca Ngozi cavutse mu mwaka wa 1920. Mu mwaka uza wa 2020, ico gisagara kizoba kirumanije imyaka ijana. Umwaka wa yubire wuguruwe icese ku wa gatandatu ku civugo kigira giti :«Igisagara ca Ngozi, urumuri rwamaho». Songambere Radjabu Musitanteri wa komine Ngozi avuga ko ivuka ry’ico gisagara n’izina catoranye gushika uno musi rikomoka kuri kahise. Songambere aragaruka kuri ako kahise.

Albert Nduwimana, buramatari w’intara ya Ngozi amenyesha ko igisagara ca Ngozi kiriko kirazamura ibisagara bito bito impande zaco. Ku bw’uwo mutware, iterambere ry’ivyo bisagara bishamikiye ku gisagara gikuru ca Ngozi ntiryiyadukiza.

Abategetsi bakuru bakuru b’inzego z’igihugu batari bake bari bitavye urwo rubanza rubanziriza urubanza nyezina ruzoba mu ntango z’umwaka uza.

Umwaka usozera ikinjana c' igisagara ca Ngozi kimaze uhuriranye n’uko Uburundi buzoba buri mu gihe c’amatora. Umukuru w’Inama Nshingamateka asaba abanyengozi kwitegurana ubwitonzi.

Gushika uno musi, igisagara ca Ngozi gifatwa nk’ica gatatu mu bunini mu Burundi. Kiza inyuma ya Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi na Gitega, umugwa mukuru wa poritike. Kibaye igisagara ca kabiri co hagati mu gihugu gihimbaje yubire y’imyaka 100 inyuma ya Gitega yakoze urubanze nk’urwo mu mwaka wa 2012.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Pierre Claver Niyonkuru:

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:23 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG