Uko wahagera

Mali: Umushikiranganji wa Mbere Yatanze Imihoho


Umushikiranganji wa mbere wa Mali Soumeylou Boubeye Maiga.
Umushikiranganji wa mbere wa Mali Soumeylou Boubeye Maiga.

Umushikiranganji wa mbere akongera akaba n’umukuru wa reta muri Mali yaratanze imihoho ejo kuwa kane inyuma y’aho hagaragariye ko reta itagifitiwe icizere n’abanyagihugu ku kuntu yitwaye kubwicanyi bwabaye mu gice co hagati mu gihugu. Ivyo vyashikirijwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu.

Itangazo ryashikirijwe n’ibiro vya perezida Ibrahim Boubacar Keita rivuga ko yemeye uko gutanga imihoho kwa Soumeylou Boubeye Maiga, hamwe n’abashikiranganji biwe, inyuma y’imyiyerekano yo mu kwezi guheze yiyamiriza ubwo bwicanyi.

Iryo tangazo rivuga ko uwuzomusubirira ashobora gutangazwa vuba, igihe umugambwe uri ku butegetsi n’iyitavugarumwe nayo bazoba babonanye.

Reta yari iremerewe n’abanyagihugu bivanye nuko yitwaye ku bwicanyi bwabaye mu ntara ya Mopti ahabaye ubwicanyi bwahitanye abantu 160 mu mihana ya Ogossagou hafi y’urubibe na Burkina Faso.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG