Uko wahagera

Cuba, Nicaragua na Venezuela mu Bindi Bihano vya Amerika


Perezida wa Cuba Raul Castro, ibubamfu, na perezida wa Nicaragua Daniel Ortega, bariko bakurikirana ijambo rya perezida wa Venezuela Nicolas Maduro, i Caracas, Venezuela, 05/03/2018.
Perezida wa Cuba Raul Castro, ibubamfu, na perezida wa Nicaragua Daniel Ortega, bariko bakurikirana ijambo rya perezida wa Venezuela Nicolas Maduro, i Caracas, Venezuela, 05/03/2018.

Reta ya Reta zunze ubumwe za Amerika yitezwe kur’uyu wa gatatu gutangaza ibindi bihano kuri Venezuela, Cuba na Nicaragua, mu twigoro two kurwanya reta za gisosiyariste.

Reta ya perezida Donald Trump yiyemeje gukura Maduro ku butegetsi, no kumusubiriza Juan Guaido arongoye inama nshingamateka, ingingo ishigikiwe kandi n’ibihugu birenga 50.

Imbere y’ijambo ryitezwe gushikirizwa kur’uyu wa gatatu i Miami muri reta ya Florida, umuhanuzi mukuru muvy’umutekano mu gihugu John Bolton, avuga ko inzira zose zishoboka kuri Venezuela, kandi ko reta ya Maduro isa n’iyiriko irasezerwa.

Mur’utwo twigoro two kuremera Maduro, abategetsi ba Amerika bariko kandi barananiza kandi Cuba.

Haruhande y’ivyo, reta y’Amerika iratangaza kuri uyu wa gatatu ko igiye kwemera ko imanza zugururwa muri Amerika, ku ncuro ya mbere, ku mashirahamwe y’abanyamahanga muri Cuba akoresha amatungo y’abanyamerika yatwawe na reta yar’irongowe na Fidel castro mu myaka ya 1960.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG