Uko wahagera

Perezida Macron Asaba Amakungu Gufasha Gusanura Katedrale


Perezida Emmanuel Macron n'umutambukanyi wiwe Brigitte hanze ya Kathedral Notre Dame i Paris

Amakungu yatanguye gushikiriza imibabaro, guhoza amarira no gusengera Ubufaransa kuvyaraye bibaye i Paris aho katedrale Katolika Notre Dame inahurumbirwa cane n’abamukerarugendo yadutsemwo umuriro ejo kuwa mbere.

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Emmanuel Macron yarashikirije ijambo igihugu imbere ya sasita y’ijoro mu masaha yo mu Bufaransa, yemeza ko bazosubira kwubaka busha iyo nyubakwa.

Yavuze ko intererano y’amakungu ikenewe, harimwo n’abahinga mu makungu kur’ico gikorwa.

Umushikiranganji wa mbere wa Espanye Pedro Sanchez yavuze ko igihugu ciwe citeguye gufasha, avuga ko ivyabaye mu Bufaransa ari ikiza ku Bufaransa na Espanye ndetse n’Uburayi.

Papa Fransisiko mw’ijambo yashikirije ejo kuwa mbere yavuze ko Vatikano iri mu mubabaro ku vyabaye kur’iyo katedrale isanzwe ari n’ikimenyetso gikomeye kw’idini rukristu mu Bufaransa no kw’isi.

Abandi bahojeje Abafaransa ni Perezida Donald Trump wa Amerika, uwahoze arongoye Amerika Barack Obama, Kardinal Timothy Dolan w’I New York, Ishengero ry’aba Orthodox mu Burusiya, n’abandi.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG