Uko wahagera

Umutegetsi wa ISIS Yarishwe n'Igitero c'Indege muri Somaliya


Ibarabara ryo muri reta ya Puntland ryinjira ku kivuko c'i Bossaso, muri Somaliya, itariki 25/03/2018.

Icegera c’umukuru w’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu muri Somaliya yaraye yishwe mu gitero c’indege, nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji wa Somaliya w’intara ico gitero cabereyemwo abibwiye Ijwi ry’Amerika.

Abdisamad Mohamed Gallan, umushikiranganji w’umutekano mu ntara ya Puntland, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ico gitero c’indege cishe Abdihakim Mohamed Ibrahim, atazirwa Dhoqob, cabaye ejo kuw’Imana hagati y’imihana ya Hol Anod na Hiriro.

Gallan yashikirije ko ico gitero catumbereye imodokari uwo mutegetsi hamwe n’uwundi barikumwe barimwo. Yavuze ko bose uko ari babiri bishwe ariko uwo wundi ntaramenyekana.

Abategetsi b’iyo ntara ya Puntland ntibaratangaza uwakoze ico gitero ariko igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika ku mugabane wa Afrika nico kimenyereye kugaba ibitero vy’indege ku ntagondwa z’abayisilamu muri Somaliya. Uyu mwaka wonyene, Amerika imaze kugaba ibitero 30 vy’indege, vyose ku muhari w’iterabwoba al-Shabab.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG