Uko wahagera

Amerika Isaba ko Abasivile Bashirwa muri Reta muri Sudani


Robert Palladino
Robert Palladino

Reta zunze ubumwe za Amerika ejo kuwa kane zasavye igisirikare ca Sudani gushira abasivile muri reta inyuma yo gukura ku butegetsi Omar al-Bashir. Amerika ivuga ko imyaka ibiri hatwara abasirikare ari myinshi.

Washington isaba abategetsi bagiye kuba bararongoye igihugu kwugururira abasivile bakagira uruhara muri reta, nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu Robert Palladino.

Palladino avuga ko abanyagihugu ba Sudani aribo bakwiye kwihitiramwo uwubarongora na kazoza kabo.

Reta zunze ubumwe za Amerika zariko ziragerageza kunagura imigenderanire na Sudani inyuma y’imyaka icuka atari ciza na Bashir, yafashe ubutegetsi mu 1989, kandi yigeze kubika uwahoze ari indongozi ya Al-Qaeda Osama bin Laden, ahaguma gushika mu 1996.

Ejo kuwa kane nyene deparotema ya reta yahanuye abanyamerika bagira ingendo mur’ico gihugu kwiyubara cane, isaba kandi abakozei ba reta y’Amerika badakenewe cane kuva mur’ico gihugu

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG