Uko wahagera

Perezida Maduro Yemeye ko Imfashanyo Zinjira muri Venezuela


Imfashanyo zigenewe Venezuela

Perezida Nicolas Maduro yatangaje ku musi wa gatatu ko hari amasezerano yapfunditswe n’ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge kugira ryinjize imfashanyo muri Venezuela.

Ico gihugu cimbura igitoro kiri mu bibazo vyo kubura ibifungurwa, imiti hamwe n’ibindi vya nkenerwa, aho Maduro asugerejwe n’uwutavuga rumwe nawe yiyise ko ariwe perezida w’imfatakibanza.

Maduro yashikirije kuri radiyo na televiziyo y’igihugu ko reta yiwe na Croix Rouge bumvikanye gukorera hamwe n’ibisata vya ONU kugira bizane imfashanyo zose zishoboka mu gihugu.

Ariko Maduro arahakana ko igihugu ciwe kibangamiwe n’ubukene kandi yagiriza ibihano yafatiwe na Reta zunze ubumwe za Amerika kuba arivyo vyatumye ubutunzi bw’igihugu buba uko bumeze ubu.

Mu kwezi kwa mbere Guaido yaragerageje uko yokwinjiza imfashanyo ziciye muri Colombiya na Brezil ariko utwigoro ntaco twashitseko kuko igisirikare kiyoboka Maduro carazizibiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG