Uko wahagera

Igitero c'Iterabwoba Caburijwemwo mu Micungararo ya Washington DC


Ahabereye igitero c'iterabwoba mu gisagara ca Nice, mu Bufaransa, 15/07/2016. Nico cagira ciganwe n'Uwafashwe mu micungararo ya Washington DC muri USA.
Ahabereye igitero c'iterabwoba mu gisagara ca Nice, mu Bufaransa, 15/07/2016. Nico cagira ciganwe n'Uwafashwe mu micungararo ya Washington DC muri USA.

Umugabo yamuka muri reta ya Maryland muri Reta zunze ubumwe za Amerika yarafashwe ejo kuwa mbere agomba gukora igitero c’iterabwoba agonze abagenda ku maguru n’imodoka mu micungararo ya Washington DC.

Uwo mugabo w’imyaka 28, Rondell Henry wo mu gisagara ca Germantown, muri Maryland, arengutswa imbere ya sentare kur’uyu wa kabiri.

Abajejwe kwubahiriza amategeko barega Henry kuba yarivye iyo modokari mu micungararo ya Washington mu kwezi guheze aca ayitembereza arondera aho agaba igitero c’iterabwoba.

Amaze kubona ko umutekano ucungerewe bikomeye ku kibuga c’indege mpuzamakungu, Dulles International Airport, kiri muri Reta ya Virginia isanzwe ihana urubibe na Washington DC, Henry yagirizwa ko yaciye ahindura amayira aja ahari ikigo c’iratiro muri Maryland mu micungararo wa Washington DC, ahari amazu y’uburiro kandi hahurumbirwa na bamukerarugendo kugira agonge abagenda n'amaguru.

Igiporisi kivuga ko Henry yanka urunuka abadafise ukwizera kw’abayisilamu.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG