Uko wahagera

USA: Umushikiranganji ajejwe Umutekano mu Gihugu Yasezeye Reta


Kirstjen Nielsen yari umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.
Kirstjen Nielsen yari umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika Kirstjen Nielsen yavuye muri reta inyuma y’amezi 16 yar’amaze mur’ayo mabanga.

Mu butumwa bwa Twiter ejo kuw’Imana, Perezida Donald Trump yatangaje ko Nielsen avuye mu mabanga yiwe kandi amushimiye kuvyo yaranguye.

Ntaco yavuze catumye ava muri reta yiwe. Ariko Trump yigeze kuvuga ko ahangayikishijwe n’ibibera ku rubibe Amerika ihana na Mexique kandi ababikurikiranira hafi bavuga ko bibaza ko Nielsen ata nkomezi zikwiye yakoresheje kugira ahagarike abimukira bagerageza kwinjira muri Amerika.

Trump yatangaje ko uwusanzwe arongoye ikigo gicungera abinjira no gukingira urubibe, Kevin McAleenan agiye kuba umushikiranganji w’umutekano w’imfatakibanza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG