Uko wahagera

Umunyamerika Yanyurujwe muri Uganda Yabohojwe


Igiporisi ca Uganda mu mabarabara yo mu micungararo y'igisagara Kamwokya, mu Buganda.
Igiporisi ca Uganda mu mabarabara yo mu micungararo y'igisagara Kamwokya, mu Buganda.

Abajejwe umutekano muri Uganda baratabaye umunyamerikakazi hamwe n’umushofero wiwe bari baranyurujwe n’abantu bitwaje ibirwanisho muri pariki mur’ico gihugu. Igiporisi ca Uganda kivuga ko bose uko ari babiri bafise amagara meza kandi bameze neza.

Abagabo bane bitwaje inkoho nibo bari baranyuruje Kimberly Sue Endicott, w’imyaka 56, hamwe n’umushoferi wiwe, Jean-Paul Mirenge, muri pariki yitiriwe Queen Elizabeth ku munsi wa kabiri ku muhingamo hafi y’urubibe Uganda ihana na Republika iharanira demokarasi ya Congo.

Umuvugizi w’igiporisi ca Uganda Polly Namaye yavuze ko abo bantu bitwaje ibirwanisho, bakoresheje telefone ngendanwa z’abanyurujwe basaba 500,000 vy’amadolari kugira babarekure.

Ntivyari bwamenyekane ejo kuw’Imana ko ayo mafaranga yatanzwe kugira Endicott, yamuka mu gisagara ca Costa Mesa, muri reta ya California arekurwe.

Ubuganda bwinjiza umuriyaridi 1.3 w’amadolari mu bakerarugendo bakugendera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG