Uko wahagera

USA Yahagaritse Gufasha Arabiya Sawudite muri Yemeni


Abasirikare ba Yemeni
Abasirikare ba Yemeni

Kongere ya Reta zunze ubumwe za Amerika, nukuvuga abashingamateka n’abasenateri ejo kuwa kane yaremeje guhagarika imfashanyo Amerika iha Arabiya sawudite mu ntambara muri Yemeni. Inama nshingamateka ihambije sena yavyemeje mu kwezi guheze.

Ico cemezo ni ica mbere mu mateka y’Amerika, aho Kongere yubahirije itegeko ryo mu 1973 ryo kurwana mu makungu, rivuga ko Amerika idashobora kurungika abasirikare mu ntambara Kongere itavyemeje.

Ibiro vya perezida White House vyashikirije ko perezida Donald Trump asa n’uwuzohakana iyo ngingo ya kongere, aho avuga ko bishobora kubangamira imigenderanire Amerika ifitaniye na Arabiya Sawudite, igihugu bifashanya kandi kidacana uwaka na Irani.

Abashigikiye ico cemezo bo mu mugambwe w’abarepublikani n’abademokrate bavuga ko Arabiya Sawudite ikoresha misile zikorerwa muri Amerika ku barwanyi b’aba Houti.

Zimwe muri zo, zasambuye imihana y’abanyagihugu, zica ibihumbi vy’abantu zongera zisambura amavuriro. Imwe muri zo kandi yaguye ku modoka itwaye abanyeshure mu kwezi kw’umunani guheze, yica 40.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG