Mozambike hamwe n’amashirahamwe atanga imfashanyo baratanguye isekeza ryo gutanga incanco za cholera ku musi wa gatatu mu gisagara ca Beira aho abashika umuriyoni bakozweko n’igihuhusi kivanze n’imvura cataziriwe Idai.
Abategetsi bajejwe amagara y’abantu bariko barakora bihuta kugira bahagarike ico kiza kimaze guhitana ubuzima bw’abantu babiri, abafashwe na Cholera bakaba bashitse ku gihumbi.
Abo bategetsi batanguje iryo sekeza mu ntumbero yo kugerageza guhagarika ibitigiri vy’abandura vyiyongera ku murindi munini.
Aya makuru Ijwi ry’Amerika riyakesha umumenyeshamakuru waryo muri Mozambique, Mohammed Yusuf, ari mu gisagara ca Beira.
Facebook Forum