Uko wahagera

OMS: Ubukene bw'Amazi n'Isuku mu Mavuriro Bihitana Abatari Bake


Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu cita ku magara y'abantu OMS hamwe n’ikigega mpuzamakungu cita ku bana Unicef bishikiriza ko ibihumbi amajana vy’abana bavuka hamwe n’abavyeyi bavyara bapfa buri mwaka kuko ibitaro n'amavuriro bitagira amazi meza hamwe n'isuku rishemeye. Ivyo biri mu cegeranyo ayo mashirahamwe yasohoye kur’ico kibazo.

Ibiharuro vyatororokanijwe mu bihugu 125 kw’isi vyerekanye ko rimwe mu mavuriro ane kw’isi akenye amazi, aho abantu imiriyaridi zibiri z’abantu bapfa.

Buri mwaka, iyo raporo ivuga ko imiliyoni 17 z’abagore mur’ivyo bihugu bavyarira mu mavuriro bashobora kwanduramwo ingwara.

Abashakashatsi ba OMS na UNICEF bavuga ko umuliyoni urenga w’abantu bapfa buri mwaka kubw’isuku rike mu mavuriro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG