Uko wahagera

USA: Abademokrate Bakeneye Kubona Raporo ya Mueller Vyihuta


Umukuru w'akanama gakurikirana ivy'ubutungane mu nama nshingamateka Jerrold Nadler (Umudemokrate) mu nama nshingamateka, i Washington, Italiki 26/03/2019.
Umukuru w'akanama gakurikirana ivy'ubutungane mu nama nshingamateka Jerrold Nadler (Umudemokrate) mu nama nshingamateka, i Washington, Italiki 26/03/2019.

Abademokrate biganziye inama nshingamateka muri Reta zunze ubumwe za Amerika mur’iyi ndwi bafashe icemezo co gusaba icegeranyo cose c’ivyatohojwe n’umushikirizamanza adasanzwe Robert Mueller ku ruhara Uburusiya bwoba bwaragize mu guhungabanya amatora y’umukuru w’igihugu yo muri 2016. Basaba kandi ko batanu mu bahoze ari abategetsi mu biro kwa perezida bitaba bakishura ibibazo vy’abashingamateka.

Umurwi w’inama nshingamateka ujejwe ibibazo vy’ubutungane wasavye ko iyo raporo yose ibashikira hatarenze kur’uyu wa kabiri hamwe n’ivyemezo biyiherekeza. Umushikiranganji w’ubutungane William Barr yashikirije mu ndwi iheze ko ashobora gushira ahabona ico cegeranyo hagati mu kwezi kwa kane.

Mu gihe iyo raporo itotangwa kuwa kabiri, umurwi ujejwe ibibazo vy’ubutungane mu nama nshingamateka utegekanya kubisaba biciye mw’itora ku musi wa gatatu.

Uwo murwi kandi utegekanya gutumako abigeze kuba ari abahanuzi ba hafi ba perezida Donald Trump, Steve Bannon yahoze ar’umuhanuzi akomeye mu bijanye n’imigambi, uwahoze ari umuyobozi w’itangazamakuru Hope Hicks, uwahoze ari umuyobozi mukuru mu biro vya perezida Reince Priebus. Abandi ni abahoze ari abahanuzi mu biro vya perezida Donald McGahn na McGahn yigeze kuba umuyobozi mu biro kwa perezida.

Abo uko ari batanu baratumweko mu matohoza ya Mueller kuvuga ivyo bazi nimba Trump yaravogeye ubutungane mu kugerageza guhagarika ayo matohoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG