Uko wahagera

Abanduye Cholera Bageze kw'139 muri Mozambike


Muri Mozambike, abantu bamaze kwandura cholera inyuma y’imvura ivanze n’igihuhusi ejo kuwa kane bari bageze kw’139, mu gihe abategetsi bariko bitegurira isekeza ryo gucandaga abanyagihugu mu ntumbero yo kugabanya ibitigiri vy’abafatwa. Ivyo bitigiri vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, Ussein Isse.

Perezida wa Mozambike Filipe Nyusi ejo kuwa kane yabwiye abamenyeshamakuru ko abategetsi bategetse ko hakorwa ibikorwa vyo gutabara abakozweko n’ico kiza co kw’itariki 15 z’ukwezi kwa gatatu. Avuga ko Mozambike itari bwigere iba mu bihe nk’ibi.

Iyo segenya y’imvura n’igihuhusi yahitanye abantu 468, abandi umuliyoni 1.85 ntibagira aho barambika umusaya.

Umutegetsi wa OMS David Wightwick yavuze ko ibikorwa vyo gutanga incanco bitangurana n’indwi iza. Incanco 900,000 zitezwe mu gihugu ku musi wa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG