Uko wahagera

Venezuela: Guaido Yahagaritswe mu Mabanga Imyaka 15


Umunyepolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Venezuela Juan Guaido
Umunyepolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Venezuela Juan Guaido

Reta ya Venezuela yatangaje ejo kuwa kane ko yatse Juan Guaido atavugarumwe n’ubutegetsi uburenganzira bwo kurangura amabanga y’igihugu mu kiringo c’imyaka 15, ingingo ishobora gutuma ivya poritike biyangara kurusha mur’ico gihugu co muri Amerika yo mu bumanuko.

Ariko inyuma y’iyo ngingo yashikirijwe kuri televiziyo ya reta, Guaido nawe yavuze ko we n’abamushigikiye bagiye kubanganya imyiyerekano biyamiriza ubutegetsi bwa Maduro.

Iyo ngingo ya poritike kuri Guaido yashikirijwe n’umugenduzi mukuru w’igihugu Elvis Amoroso. Yavuze ko Guaido, yitwaje ibwirizwa shingiro ry’igihugu mu kwezi kwa mbere yiyita umukuru w’igihugu w’imfatakibanza, yabeshe abanyagihugu mu makuru y’ubutunzi bw’igihugu yakoresheje, kandi yakoresha amafaranga arengeye ayo ahembwa.

Maduro, ashigikiwe n’Uburusiya, yama yavuze ko igihugu ciwe gitekanye, akagiriza Reta zunze ubumwe za Amerika gufatira ibihano igihugu ciwe.

Uburusiya bwarungitse abasirikare 100 muri Venezuela mu mpera z’indwi iheze gushigikira Maduro kandi bwaranse kubasubiza inyuma n’aho Reta zunze ubumwe za Amerika zibisaba.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG