Uko wahagera

Save the Children: Igitero c'Indege ku Bitaro muri Yemeni Cahitanye 7


ibitaro bifashwa na MSF inyuma yaho biterewe n'indege z'urunani mpuzamakungu rurongowe na Arabiya Sawudite mu ntara ya Hajja, Yemeni, itariki 16/08/2016
ibitaro bifashwa na MSF inyuma yaho biterewe n'indege z'urunani mpuzamakungu rurongowe na Arabiya Sawudite mu ntara ya Hajja, Yemeni, itariki 16/08/2016

Igisasu ca Misile caratewe ko bitaro bifashwa n’ishirahamwe rifasha abana, Save the Children, mu buraruko bushira uburengero bwa Yemeni ejo kuwa kabiri, hapfa abantu indwi barimwo abana bane, nkuko iryo shirahamwe ry’abagira neza rivuga.

Abantu umunani barakomeretse abandi babiri baraburwa irengero inyuma y’ico gitero ku bitaro vyitwa Kitas, hafi y’igisagara Saada.

Save the Children rivuga ko ico gisasu caguye kuri station y’ibitoro, hanze gato y’urwinjiriro rw’ivyo bitaro.

Amamuko y’ico gisasu ntaramenyekana. Ariko ibitero vy’indege vy’urunani mpuzamakungu rurongowe na Arabiya Sawudite vyarasambuye ibitaro, amashure, bihanagura imihana y’abanyagihugu, vyica ibihumbi vy’abanyagihugu harimwo abana batagira ibitigiri.

Umukuru wa Save the Children, Carolyn Miles yise Yemeni igihugu kibi co kubamwo ku bana, agasaba abagurisha ibirwanisho guhagarika kubishorera ku mirwi irwana mur’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG