Uko wahagera

Trump Yise Itangazamakuru ry'Amerika Umugambwe Umurwanya


Robert Mueller na Donald Trump
Robert Mueller na Donald Trump

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yifatiye mu gahanga itangazamakuru ryo mu gihugu uno musi ku wa kabiri. Yatangaje ko ririko ririyamirizwa mu makungu ku makuru avuga ko yari ay’ibinyoma yavuga ko yakoranye n’igihugu c’Uburusiya igihe yariko yiyamamariza muri 2016.

Ku butumwa yashize ku rubuga Twitter, Prezida Trump amenyesha ko itangazamakuru ryo muri Amerika ryatangaje amakuru y’ibinyoma mu kiringo c’imyaka ibiri ku vyo avuga ko ryari rizi ko atakoranye n’Uburusiya.

Prezida Trump yise itangazamakuru umwansi w’abanyagihugu, kandi ko ari wo mugambwe nyakuri utavuga rumwe nawe. Trump yumvikanisha ko itohoza ry’amezi 22 ry’umushikirizamanza adasanzwe, Robert Muller, ritari rikwiye kuba.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane muri Amerika, William Barr, yatangaje ku musi w’Imana, ko uwo mushikirizamanza yasanze Trump n’abamufashije mu gikorwa c’ukwiyamamariza kuba prezida mu mwaka w’i 2016 batakoranye n’Uburusiya kugira bimufashe gutsinda amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG