Uko wahagera

Ubwato 2 Bwarenze ku Bihano Kuri Koreya ya Ruguru Bwahanwe


Ubwato bw'Ubushinwa, Mekong River
Ubwato bw'Ubushinwa, Mekong River

Reta zunze ubumwe za Amerika zarafatiye ibihano amashirahamwe abiri y’Ubushinwa yunguruza ibidandazwa mu mazi ejo kuwa kane, yagirizwa guca kubiri n’ibihano vyafatiwe Koreya ya ruguru.

Ivyo bihano vyafatiwe Kompanyi zo mu Bushinwa zagirizwa gukura ivyuma hamwe n’ibizuku muri Koreya ya ruguru babitwara mu Bushinwa.

Amatungo y’ayo makompanyi ari muri Amerika yafashwe kandi Abanyamerika babujijwe gukorana urudandazwa na yo.

Umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu, John Bolton yavuze ejo kuwa kane ko amashirahamwe yunguruza abantu n’ibintu mu mazi akwiye kubikora yubahiriza ibihano amakungu yafatiye Koreya ya ruguru.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG