Uko wahagera

Amnesty Irashinja Amerika Kwica Abasivili muri Somaliya


Mu kwezi kwa 12, italiki 6, 2017, igisasu cishe abasivile 5 harimwo abana babiri. Amnesty yemeza ko ico gitero cakozwe n'indege za Amerika.
Mu kwezi kwa 12, italiki 6, 2017, igisasu cishe abasivile 5 harimwo abana babiri. Amnesty yemeza ko ico gitero cakozwe n'indege za Amerika.

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu kw’isi, “Amnesty International” rimenyesha ko hari ivyemezo ko ibitero vy’indege z’igisirikare za Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Somaliya vyishe canke bikomeretsa abasivile batari bake.

Iryo shirahamwe ryagirije abategetsi b’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika ko budatohoza bihagije abasivile bahitanwa n’ibitero vy’indege z’igisirikare cabo muri Somaliya.

Abategetsi b’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika mu karere ka Afrika, AFRICOM, biyamirije buno nyene ivyagirizo biri muri raporo ya “Amnesty International”. Bavuga ko igisirikare ca Amerika catohoje dosiye 18 z’abasivile bashobora kuba bishwe kuva mu mwaka w’i 2017. Batangaza ko basanze ata dosiye n’imwe muri izo ishobora kwizigirwa.

Raporo y’ishirahamwe, “Amnesty International” yagiye ahabona umusi umutegetsi ajejwe iperereza wa Somaliya, atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, atangaje ko igitero c’indege itagira umudereva ya Amerika cishe abasivile ku musi wa mbere. Ababa mu karere ico gitero cabereyemwo beremeza ivyatangajwe n’uwo mutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG