Uko wahagera

Sena y'Amerika Yahakanye Kwemeza Ibihe Bidasanzwe


Abubatsi bubaka ku rubibe mu gisagara ca Santa Teresa, muri reta ya New Mexico, italiki 23/04/2018.
Abubatsi bubaka ku rubibe mu gisagara ca Santa Teresa, muri reta ya New Mexico, italiki 23/04/2018.

Sena ya Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa kane yahakanye kwifatanya na perezida Donald Trump mu kwanka kwemeza ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe kugira yemererwe gukoresha amafaranga y’igihugu mu kwubaka uruzitiro. Ni inyuma y’aho inama nshingamateka nayo yabihakanye mu ndwi ziheze.

Abasenateri 12 bo ku ruhande rw’abarepublikani bifatanije na bagenzi babo bo mu mugambwe w’abademokrate mu kwanka itangazwa ry’ivyo bihe bidasanzwe. Mu biro vy’umukuru w’igihugu, White House, Trump yavuze ko atazemeza ingingo ya sena n’abashingamateka.

Kwemeza ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe vyari guha ububasha perezida bwo kwikora ku mafaranga ya reta kugira yubake uruhome ku rubibe rwo mu bumanuko Amerika isangiye na Mexique. Trump yategekanya kwikora ku mamiliyaridi y’amadolari yagenewe inyubako za gisirikare kugira arangure umugambi yemereye abamutoye.

Kwubaka uruzitiro cari kimwe muvyo Trump yari yaremereye abanyamerika mu bihe vyo kwiyamamaza muri 2016. Trump yaguma avuga ko igihugu ca Mexique arico kizoriha ivyo bikorwa, atari Reta zunze ubumwe za Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG