Uko wahagera

Abantu 8 Barapfuye Basenyukiweko n'Igorofa muri Nijeriya


Umwana atabawe igihe igorofa i Lagos yasenyuka
Umwana atabawe igihe igorofa i Lagos yasenyuka

Abategetsi mu gisata co gutabara muri Nijeriya bavuze ko abantu bashika umunani bapfuye abandi bashika 40 baratabarwa bakuwe mu bibomoke vy’amazu i Lagos ejo kuwa gatatu.

Abana batazwi igitigiri barapfuye canke bafatiwe mu bibomoke vy’iyo nyubakwa yarimwo n’ishure ry’intango.

Abariko bararorera ivyabaye bavuze ko ishure ryigamwo abana bashika 100 ryari ku gorofa ya nyuma.

Iyo nzu y’amagorofa yari mu gace ka kera k’umurwa mukuru Lagos. Buramatari wa reta ya Lagos, Akinwunmi Ambode yavuze ko amazu yo mur’iyo mihana yategerezwa gusuzumwa ko akwije ibisabwa ariko nyene iyo nzu ngo ntiyemeye ko iryo suzumwa rikorwa.

Kubomoka kw’amagorofa biramenyerewe muri Nijeriya. Muri 2016 abantu barenga 100 barapfuye igihe urusengero mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nijeriya rwasenyuka. Iyindi nyubakwa y’amagorofa atanu yarasenyutse uwo mwaka nyene, ihitana ubuzima bw’abantu 30.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG