Uko wahagera

Perezida Buteflika Yoba Yumva Igitutu c'Abanyalijeriya?


Abigaragambya bahanuye icyapa cyariho ifoto ya Perezida Abdelaziz Buteflika.
Abigaragambya bahanuye icyapa cyariho ifoto ya Perezida Abdelaziz Buteflika.

Abanyeshule mu gihugu ca Alijeriya bagize imyerekano uno musi ku wa kabiri y’ukwiyamiriza ingingo ya Prezida Abdelaziz Buteflika y’ugutebesha amatora y’umukuru w’igihugu ata taliki nshasha azoberako itangajwe.

Ivyo bibaye mu gihe habaye umugumuko w’abanyagihugu utari bwibonekeze mu myaka 20 Buteflika amaze ku butegetsi.

Bouteflika yafashe ingingo ku musi wa mbere y’ukutitoza mu kiringo kigira gatanu. Yamara akamwemwe mu mabarabara kasubiriwe n’amazinda igihe yatangaza ingingo yiwe y’ugutebesha amatora yari ategekanijwe kuba kw’italiki 18 z’ukwezi kwa kane.

Benshi mu bari mu myiyerekano bariko basaba muri iki gihe Buteflika kuva ku butegetsi kw’italiki 18 z’ukwezi kwa kane aho ukurindira amatora mashasha.

Imikangara n’abanyeshule ibihumbi n’ibihumbi bagiye imbere y’abandi uno musi ku wa kabiri mu myiyerekano mu mabarabara y’umurwa mukuru, Alger, yiyamiriza Buteflika afise imyaka 82 muri iki gihe.

Imyiyerekano ikomeye kurushiriza mu gihugu cose yitezwe ku musi wa gatanu w’iyi ndwi. Vyitezwe kandi ko Prezida Bouteflika agena umuhuza mpuzamakungu, Lakhdar Brahimi, kuyobora ibiganiro ku rwego rw’igihugu bigenewe gushiraho italiki amatora azoberako, hamwe n’ugutegura ibwirizwa shingiro rishasha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG