Uko wahagera

Perezida Bouteflika wa Aljeriya Yahevye Kwitoza Manda ya Gatanu


Perezida wa Aljeriya Abdelaziz Bouteflika yitegura gutora i Alger. Italiki 04/05/2019.
Perezida wa Aljeriya Abdelaziz Bouteflika yitegura gutora i Alger. Italiki 04/05/2019.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu muri Aljeriya vyashikirije kuri uyu wa mbere ko perezida Abdelaziz Bouteflika atazokwitoza mu kiringo ca gatanu, n’aho mu ndwi iheze yatanze ibisabwa ngo yemererwe kwitoza.

Ivyo biro kandi vyatangaje ko amatora yari ategekanijwe kw’italiki 18 z’ukwezi kwa kane yigijwe imbere.

Ikimenyeshamakuru ca reta cashikirije kandi ko Bouteflika yagenye umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, Noureddine Bedoui mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere kandi amusaba gushinga reta nshasha.

Bedoui asubiriye umushikiranganji wa mbere Ahmed Ouyahia, yatanze imihoho ku wa mbere.

Bouteflika, w’imyaka 82, yatahutse muri Aljeriya ku musi w’Imana inyuma y’indwi zibiri yari amaze i Geneve mu Busuwisi, ahabwa ico ibiro vyiwe vyise gusuzumwa amagara bisanzwe. Ariko benshi biketse ko uwo mukuru w’igihugu amaze igihe kirekire ku butegetsi yoba abangamiwe cane n’amagara.

Bouteflika ntaja ahagaragara kuva mu mwaka wa 2013 aho yatangura gufatwa n’ingwara yo mu bwonko.

Perezida yatahutse asanga igihugu kigeze mu ndwi ya gatatu y’myiyerekano yiyamiriza ukwitoza kwiwe muri manda ya gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG